Tanzaniya: Bananiwe kwishura ikibazo ca Perezida barirukanwa

Perezida Magufuli bamutazira 'the Bulldozer' Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Magufuli bamutazira 'the Bulldozer'

Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yirukanye abakozi ba leta babiri inyuma yaho akankamiye umwe kuri televiziyo.

Ivyo vyabaye inyuma yaho abajije abayobozi babiri b'amakomine amahera boba baregeranije yo gukora amabarabara mu makomine yabo.

Nta numwe yashoboye kwishura ubwo nyene, munyuma haheze amasaha make, bose baciye birukanwa mu kazi. Nta nsiguro yatanzwe.

Abakurikirana imikorere ya Perezida Magufuli bavuga ko ariko arashinga intwaro y'agahotoro, mu gihe hari abandi bashima ukuntu atihanganira ibintu vyose bidasobanutse.

Abanyagihugu bamutaziye "the buldozer" bitewe n'ingene yakora cane akiri umushikiranganji.

Perezida yakuye abo bakozi ku munsi wa mbere, ari mu birori mu gisagara ca Bukoba, mu buraruko bw'igihugu.

Amasanamu ya video y'imisegunda 30 mu rurimi rw'igiswahili, yerekana Magufuli abaza Mwantum Kitwana Dau kuvuga amahera yashize ku ruhande yo gukora ibarabara.

Igihe vyanse ko uwo mukenyezi avyibuka, Perezida yaramukankamiye.

Madamu Dau yavuze ko agenzura ibisata vyinshi vy'akazi, ko adashobora kwibuka amahera yageneye ico gikogwa.

Bwana Magufuli yamwishuye ati: "Ntushobora kunyishura gurtyo."

Kurandurana n'imizi ibiturire

Umukuru w'igihugu akunze kugendera abategetsi atateguje, agasomera abakozi badakora neza akazi kabo.

Igihe agiriye ku butegetsi mu myaka ibiri irangiye, yemeye ko agiye kurandurana n'imizi ingeso y'ibiturire.

Mu kwezi kwa kane, Bwana Magufuli yirukanye abakozi ba leta 10000 bafise inkaratasi z'umutsindo za magendo.

Kuva aja ku butegetsi, yarakuye ku ntonde abakozi bagenegwa umushahara batabaho.