Amapfa ashobora kwibasira igihugu ca Yemeni

Ikivuko ca Hodeida kiri mu minwe y'inyeshamba nico gicako imfashanyo zirungikwa na Onu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Ikivuko ca Hodeida kiri mu minwe y'inyeshamba nico gicako imfashanyo zirungikwa na Onu

Imiliyoni z'abanya Yemeni zishobora gutegwa n'amapfa , igihe imfashanyo zitoba zirungitswe mu maguru masha, niko Onu igabisha.

Mark Lowcock, ajewe igisata co gutabara imbabare muri Onu, yasavye ashimitse urunani rurongowe na Arabie Séoudite guhagarika ikumira ryafatiwe igihugu ca Yemeni catabaguwe n'ingwano.

Ku munsi wa mbere, urwo runani rwarugaye ikirere, imbibe zo ku butaka n'izo mu mazi zinjira muri Yemeni, inyuma yaho inyeshamba z'aba Houthi zirungikiye "missile" i Riyadh.

Ico gisasu carasambuwe hafi y'umugwa mukuru wa Arabie Séoudite.

Arabie Séoudite ivuga ko iryo kumira rikenewe, ngo mu gihe rifasha guhagarika Irani kurungikira inyeshamba ibigwanisho.

Irani irahakana kwiha ibigwanisho izo nyeshamba, zigwanya urunani rurongowe na Arabie Séoudite kuva mu 2015.

Bwana Lowcock yashikirije ayo majambo ku munsi wa gatatu, amaze kuvugana ico kibazo n'abagize akanama ka Onu kajejwe umutekano mu mwiherero.

"Nabwiye ako kanama ko mu gihe ivyo bihano bidakuwe...ko hazokwaduka amapfa muri Yemeni", niko Bwana Lowcock yabwiye abamenyeshamakuru.

"Azoba amapfa ya mbere atey'ubwoba isi itari bwabone mu myaka mirongo, azotuma abantu imiliyoni baja mu ngorane."