Uwahora ari icegera ca Mugabe muri Zimbabwe yahunze

Emmerson Mnangagwa yavuze ko umugambwe uri ku butegetsi wanyurujwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Emmerson Mnangagwa yavuze ko umugambwe uri ku butegetsi wanyurujwe

Uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yakuwe mu mabanga ku munsi wa mbere, yahunze ku mvo z'umutekano, niko abamushigikiye bavuze.

Perezida Robert Mugabe, 93, yagiriza uwahora ari icegera ciwe kurondera kumukura ku butegetsi.

"Yagiye ku bahanuzi b'isengero kurondera kumenya igihe Mugabe azopfira. Ariko abwigwa ko ariwe azopfa ubwa mbere," niko Bwana Mugabe yabwiye abamushigikiye ku munsi wa gatatu.

Umupfasoni wiwe Grace Mugabe niwe ashobora gusubirira umugabo.

Madamu Mugabe yamye akora ukwo ashoboye ngw'icegera c'umukuru w'igihugu akugwe mu mabanga, avuga ko ari inzoka ikwiye gukubitwa ku mutwe.

Niwe yitezwe kugenwa ka cegera c'umukuru w'igihugu mw'ikoraniro rihambaye ry'umugambwe uri ku butegetsi Zanu-PF mu kwezi kuza.

Bwana Mugabe avuga k'uwahora ari icegera ciwe ari mu barondera kumukura, agabisha ko agiye guhiga abanyamugambwe basangiye umugambi.

"Kuva kera twari tuzi ico [Mnangagwa] ari. Ariko twagerageje guhitamwo kubakingira. Yiyumviye ko kuba ari hafi yanje, ko nzomuhaka nkamushira ku bukuru bw'igihugu. Ariko sinapfuye, sinatanze imihoho," niko yabwiye abayoboke biwe ku biro bikuru vya Zanu-PF i Harare.

"Twizeye ko tugiye kurondera abo bari kumwe muri uwo mugambi," niko yabandanije avuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Mugabe agabisha ko agiye guhiga abo bose bipfuza kumukura bari mu mugambwe
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abayoboke ba Madamu Mugabe baje kumushigikira ku biro bikuru vy'umugambwe

Naho Bwana Mnangagwa ataco arashikiriza ubwiwe, yavuganye agashavu mw'itangazo ryagiye ahabona yoba yashizeko umukono, ko yamye ashigikira Perezida Mugabe.