Ikiganiro c'abakenyezi
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umukenyezi Vanessa Bahati afasha abana batabona

Vanessa Bahati, umukenyezi w'imyaka 27, yashinze irerero ry'abana bafise ikibazo co kutabona, yise Jordan Foundation.

Vanessa Bahati avuga ko yakuye iciyumviro co kwitaho abana batabona kubera ubwiwe yaronse umwana afise ico kibazo ku ruvyaro rwiwe rwa kane.

Yegereye inzego za leta zimufasha kubona abana bafise ikibazo co kutabona, niho yatoranya abagera ku 20, ashiramwo uwiwe Jordan ari nawe yitiriye ico kigo Jordan Foundation.

Abo bana yahisemwo kubafashiriza muhira iwe, akoresheje uburyo afise, arahava ashirako ubwo ahabwa n'abamufata mu mugongo.

Uyu mukenyezi ngo afise umugambi wo kwagura ubufasha aha aba bana ndetse n'igitigiri cabo, agashiramwo amashure, hamwe yoronka ubushobozi.

Agerageza kubaremamwo icizere nk'uko bavyiganiye umunyamakuru wa BBC Yvette Kabatesi.