Igipolisi cateye ikigo kirimwo impunzi muri Papuasie Nlle Guinee

Abategetsi ba Papuasie Nlle Guinee bari batanze igihe ntarengwa kuri izo mpunzi ngo zibe zakuye meza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP PHOTO / GETUP
Image caption Abategetsi ba Papuasie Nlle Guinee bari batanze igihe ntarengwa kuri izo mpunzi ngo zibe zakuye meza

Igipolisi ca Papuasie Nlle Guinee binjiye mu kigo gipfungiwemwo impunzi cahora mu minwe ya Australia kugira kihirukane abasaba ubuhungiro bahasigaye, nk'uko vyemezwa na reta ya Australia.

Abagabo amajana n'amajana baranse kuva muri ico kigo kiri mw'izinga rya Manustangu igihe cugarwa itariki 31 z'ukwezi kwa cumi, batinyirira umutekano wabo.

Ku musi wa kane, abagabo bari muri ico kigo bavuze ko igipolisi ca PNG cabahaye isaha imwe gusa kugira ngo bazobe bakuye meza.

Autralia ivuga ko ico gikorwa kiriko kirarangurwa na PNG.

Ikibazo c'impunzi muri Australia

Hakurikijwe itegeko riteye amakenga, Astralia Australia yarapfunze abantu bahunze bakoresheje ubwato mu kigo kimwe kiri mw'izinga rya Manus, agahu gatoyi kari mw'ibahari rya Pasifike.

Uwufise ububasha kw’isanamu ABDUL AZIZ ADAM
Image caption Abahaba bavuga ko igipolisi cononye ibintu vyinshi muri ico kigo cakira abahunze

Igihugu ca Australia cugaye ico kigo co mw'izinga rya Manus inyuma y'aho sentare ya PNG ivugiye ko kidakurikije amategeko, banasaba abasaba ubuhungiro kuja mu bindi bigo biri mu tundi turere tw'iryo zinga.

Umushikiranganji wa mbere wa Australia, Malcolm Turnbull yavuze ko igihugu ciwe "kidashobora gutegekwa" kwemera kwakira izo mpunzi, asubiramwo ko itegeko ry'agateganyo ryo kuba barabagumije rishobora gutuma haba abatangura kugira urudandazwa rw'abantu.

Australia igiye kugara ibohero rya Manus

"Bategerezwa kwubahiriza amategeko n'abajejwe ubutungane bwa PNG," ni ko umushikiranganji wa mbere wa Australia Turnbull yavuze.

Umwe muri izo mpunzi, Abdul Aziz Adam, yavuze ko abantu bashika 420 basaba ubuhungiro basigaye muri ico kigo ku musi wa kane, kandi ko bari batekanye.

Abo bantu banse kuhava kubera batinya ko bashobora kugirirwa nabi n'abanyagihugu baba kuri iryo zinga.

Abajejwe guharanira agateka ka zina muntu bavuga ko abo basaba ubuhungiro bari baherutse kugirwako igitero.