Zimbabwe: Abakuru mu gisirikare bagenywe mu bushikiranganji

Prezida Emmerson Mnangagwa yagenye abasirikare bakurumu bushikiranganji muri reta yiwe nshasha.
Image caption Prezida Emmerson Mnangagwa yagenye abasirikare bakurumu bushikiranganji muri reta yiwe nshasha.

Prezida mushasha wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yagenye reta yiwe aho yagenye umusirikare mukuru kuba umuhanuzi mwishikira muri reta yiwe.

Umushikiranganji mushasha w'ikigega ca reta ni Sibusiso Moyo, umujenerale yatangaje ku mboneshakure y'ico gihugu ko igisirikare ari co kiramutswa igihugu.

Uwahoze atwara abasirikare bagwanira mu kirere Perence Shiri ashinzwe ubushikiranganji bw'uburimyi.

Prezida Mnangagwa wa Zimbabwe yiyemeje gutwarira bose

Zimbabwe: Ignatius Chombo araye mu mvuto

Umwe mu bakuru b'abatavuga rumwe na reta Tendai Biti yavuze ko impinduka zariko ziriginwa muri Zimbabwe zirangiye zitaranatangura.

Prezida Mnangagwa yashikirijwe ubutegetsi mu ndwi iheze, inyuma y'aho Robert Mugabe yari amaze imyaka 37 ku butegetsi atangiye imihoho.