Abashikiranganji 8 ba Catalogne muri sentare i Madrid

Indwi ku bari abashikiranganji munani ba catalogne bitavye sentare, bafotowe bashitse Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Indwi ku bari abashikiranganji munani ba catalogne bitavye sentare, bafotowe bashitse

Abashikiranganji umunani b'intara yashatse kwiyonkora ya Catalogne baritaba sentare ntahinyuzwa i Madrid basaba kurikurwa batanze ingwati, kugira baje kwiyamamariza amatora y'akarere mu kiringo c'amezi atatu.

Bari bagize reta yatangaje ukwikukira kw'intara ya Catalogne mu kwezi kwa cumi- ivyo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ya Espagne yavuze ko bitakurikije amategeko.

Abategetsi ba Catalogne birukanywe bahamagawe muri sentare

Abari abategetsi ba Catalogne batawe muri yompi

Bahagaritswe bakekwako gushaka kwiyonkora no kwugumuka, baca barapfungwa kugira bababuze kuva mu gihugu nk'uwahoze arongoye intara ya Catalogne, Carlos Puigdemont, yahungiye mu Bubiligi.