Abantu 8 bagirizwa kwica Caruana Galizia bahagaritswe mw'izinga rya Malta

Daphne Caruana Galizia arriving at a court in Malta, 27 April 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Caruana Galizia yari umumenyeshamakuru akora amatohoza

Igipolisi co mw'izinga rya Malte cahagaritse abantu umunani bakekwa gutega bombe yahitanye umumenyeshamakuru agira amatohoza Daphne Caruana Galizia.

Umushikiranganji wa mbere Joseph Muscat yabwye abamenyeshamakuru ko ibikorwa vy'igipolisi bikibandanya mu gisagara ca Marsa no mu turere twa Bugibba na Zebbug.

Caruana Galizia yiciwe hagufi yo muhira iwe itariki 16 z'ukwezi kwa cumi mu bitero cababaje igihugu cose.

Uwo mupfasoni w'imyaka 53 azwi cane mu nyandiko ziwe zagiriza abategetsi kurya igiturire.

Reta yari yemeye gutanga umuliyoni w'ama Euro kuwotanga inkuru zerekeye abamwishe.

Abahinga mpuzamakungu, harimwo na FBI, bari basabwe ko bofasha mu matohoza.

Igipolisi n'igisirikare ni bari muri ico gikorwa, bakaba bazibiye amabarabara banakoresha n'ubwato bwinshi.

Muscat yavuze ko bamwe mu bamaze gufatwa bari basanzwe bazwi mu gipolisi mu gihe abandi basanzwe bafise amadosiye y'ubwicanyi.

Igihe yabazwa nimba abo umunani bahagaritswe bagize uruhara muri ubwo bwicanyi, canke ko harimwo ababuteguye, Muscat ntiyashatse kugira ico abivugako, nk'uko bimenyeshwa na Malta Today.

"Ndazi ivyo bakoze n'abo ari bo ariko sinshobora kubabwira ibirenze ibi muri uyu mwanya," ni ko yavuze.