Abakozi bo mu ndene barabonye igisase ca Korea ya ruguru

This photo taken on 29 November 2017 and released on November 30, 2017 by North Korea's official Korean Central News Agency (KCNA) shows launching of the Hwasong-15 missile which is capable of reaching all parts of the US. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/KCNA
Image caption Abakozi bo mu ngene barabnye igisase ca Korea ya ruguru kiriko kiraguruka

Abakoze bo mu ndege y'ishirahamwe rya Cathay Pacific yari mu kirere c'Ubuyapani baratanze inkuru ko babonye igisase ca Korea ya ruguru cariko kirageragezwa mu ndwi iheze.

Iryo shirahamwe ryavyemeje kuri BBC ko abakozi b'iyo ndege babonye ikintu cibazwa ko ari ico gisase kiriko kirinjira mu kirere.

Itariki 29 mu kwezi kwa cumi na rimwe, Korea ya ruguru yaragerageje igisase gishika kure cane yavuze ko gishobora gushika aho ari hose muri Amerika.

Amerika isaba isi yose guhagarika urudandaza na Korea ya ruguru

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakozi bo mu ngene barabnye igisase ca Korea ya ruguru kiriko kiraguruka

Iryo geragezwa ryateye agashavu muri Koreana y'epfo na Amerika aho ku musi wa mbere batanguje imyimeyerezo ikomeye cane yo mu kirere itari bwigere iba, Korea ya ruguru ivuga ko ari agasomborotso.

Ico gisase Korea ya ruguru ivuga ko gifise inguvu nyinshi caguye mu mazi y'Ubuyapani ariko cagurukiye mu kirere kure cane gusumba ahandi ibindi bisase vyari bimaze kugeragezwa.

Umuti w'ikibazo cya Korea ya ruguru ngo urashakishwa vuba

Bitandukanye n'ibindi bihugu, Korea ya ruguru kenshi ntivuga ko iza kugira igeragezwa ry'ibisase vyayo kandi ntinagabisha ngo ivuge inzira biza gufata.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo myimenyerezo irimwo indege 230 harimwo iyi ndege yo mu bwoko bwa F-22 Raptor Stealth Jet hamwe n'abasirikare ibihumbi n'ibihumbi

Korea ya ruguru nta buhinga ifise bwo kuronka ivyerekana uko ingendo zo mu kirere zigenda kugira imbere yo kugerageza ibisase.

Iyo myimenyerezo ikorerwa hamwe hagati ya Korea y'epfo na Amerika izobandanya mu gihe c'imyaka itanu.

Iyo myimenyerezo irimwo indege 230 harimwo iyi ndege yo mu bwoko bwa F-22 Raptor Stealth Jet hamwe n'abasirikare ibihumbi n'ibihumbi.