Ibiganiro vy'Abarundi naho bicumbagira ngo birahera kuwa gatanu

Benjamin Mkapa yabwiranye ishavu abari mu biganiro Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Benjamin Mkapa yabwiranye ishavu abari mu biganiro

Ibiganiro bihuza Abarundi bibera Arusha muri Tanzania birabandanya, ariko gushika ku munsi ugira 9 haracibonekeza ukutumvikana hagati y'impande zatumiwe.

Kuri uno wa kabiri, inama ya bose yamaze iminota 45 gusa, umuhuza Benjamin Mkapa akaba ari we wenyene yafashe ijambo.

N'agashavu kenshi, yabwiye impande zose ko ababajwe no kubona ataco barashobora kwumvikana mu kiringo c'imisi 8 bamaze mu biganiro, nk'uko tubikesha abamenyeshamakuru bagenzi bacu bari Arusha.

Mukapa yongeye agira ati: "Muvyo imigwi itandukanye yanshikirije narabonye ko hari ukutumvikana gukomeye hagati y'impande ziri ngaha ku bibazo nkoramutima.

"Nizeye ko mu misi itatu isigaye muzoba mwashoboye kwumvikana no gushira umukono ku rwandiko mwese muhurizako ».

Kutumvikana kurakomeye

Abatavuga rumwe na leta basaba ko hajaho leta ihurikiyemwo bose; bipfuza ko amatora yimirije yohagararirwa na ONU hakaza n'inteko zo hanze.

Ikindi nuko kubwabo ibwirizwa nshingiro n'amasezerano ya Arusha bitokorwako.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibibazo vya politike biriho ubu vyatanguye Prezida Nkurunziza afashe ingingo yo kwitoza mu kiringo kigira gatatu

Leta n'imigambwe iyishigikiye ivyo ntibashaka no kuvyumva, bakavuga ko ibijanye n'ihindurwa ry'ibwirizwa nshingiro canke umugwi ujejwe gutegura amatora, CENI, ntihagire n'uwusubira kubicira hasi.

Gutaha kw'abanyepolitike

Leta ivuga ariko ko yiyemeje kwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe no kworohereza itahuka ry'abanyapolitike bataronderwa n'ubutungane.

Muvyo isaba umuhuza harimwo ko yofasha guhagarika abagirizwa kugerageza guhirika ubutegetsi.

Kuri ivyo vyose, Benjamin Mkapa ahanura impande zose kwumvikana ku bishoboka ibindi bakazobandanya babiganira inyuma y'amatora ya 2020.

Yagiriyeko atora abofasha kugira ibintu binyaruke, abo nao akaba ari Agathon Rwasa wo muri Mizero y'Abarundi, Therence Ntahiraja aserukira leta, umuhuza w'Abarundi Edouard Nduwimana, Domitien Ndayizeye na Syslvestre Ntibantunganya bahoze barongoye u Burundi.

Ibiganiro bizorangira ku musi wa gatanu.