Uganda yatanguye gukura abasirikare bayo muri Somalia

Uno mwaka uzohera abasirikare 1000 ba AMISOM bakuwe muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uno mwaka uzohera abasirikare 1000 ba AMISOM bakuwe muri Somalia

Igihugu ca Uganda kivuga ko catanguye gukura abasirikare baco bari mu mugwi w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, uhagarariye amahoro mu gihugu ca Somalia.

Biri mu mugambi uzotuma igitigiri c'abasirikare b'umugwi AMISOM kigabanukako abasirikare igihumbi, uno mwaka niwahera.

Kuri ubu AMISOM ifise abasirikare barenga ibihumbi mirongo ibiri bahanganye n'umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al-Shabab.

Intumbero ni uko impera n'imperuka igikorwa co gucungera umutekano wa Somalia, kizoshirwa mu minwe y'abasiriakare b'igihugu.

Haciye amezi abiri abantu amajana atanu bahitanywe n'igisasu ku murwa mukuru Mogadishu, bikerekana ko igikorwa co kuhacungera umutekano kitoroshe.

Soma izindi nkuru zijanye n'iyi:

Uganda ngo yaburiye abasirikare 19 i Janale

Urubanza rw'abasirikare ba AMISOM

Abasirikare ba Uganda bagiye kuva muri Somalia

Ibindi bisa n’ibi