Igihe co guta amaplastike aho ushatse hose kigiye guhera

Amatoni imiriyoni 8 ya plastike atabwa mu biyaga buri mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amatoni imiriyoni 8 ya plastike atabwa mu biyaga buri mwaka

Ibihugu birenga amajana abiri vyari mu nama ishigikiwe na ONU yabera muri Kenya bivuga ko igihe co gutagaguza amaplastike aho ubonye hose kigiye kurangira.

Bashize umukono ku rwandiko ruvuga ko ingeso yo guta ibivuye muri plastike vyose mu biyaga vyo kw'isi igomba guhebwa.

Abahinga mu bumenyi ariko ntibashimye kuba hatashizweko ikirangaminsi canke urugero rwo kugabanya ayo maplastike, vyokwubahirizwa n'ibihugu vyose kugira uwo mugambi ushikweko.

Ariko abashikiraganji bajejwe ibidukikije bavuze ko iyi ngingo ari akataraboneka ngo kuko yereka amaleta, inganda hamwe n'abanyagihugu ko hageze ko ibintu bihinduka.

Amatoni imiriyoni umunani ya plastike niyo atabwa mu biyaga vyo kw'isi buri mwaka.