CECAFA: Uburundi bwatsinze Ethiopia ibitego 4-1

Ikipe y'igihugu cy'Uburundi.
Image caption Ikipe y'igihugu cy'Uburundi.

Mu rukino rwa kabiri rw'Uburundi mw'ihiganwa rya CECAFA, Uburundi bwatahukanye intsinzi y'ibitego 4-1 ku gihugu ca Ethiopia.

Ibitego bine vy'Uburundi vyinjijwe na Kwizera Pierre (Pierrot), igitego ca mbere, Urasenga Danny Cedric (Lagabo), ica kabiri, Mavugo Laudit, ica gatatu, hamwe na Nahimana Shassir, igitego ca kane. Mu rukino rwa mbere, Uburundi bwanganije na Uganda ubusa ku bundi.

Imikino y'irushanwa ry'igikombe cya CECAFA irabera muri Kenya.