Ubufaransa bwiriwe mu muhango wo gusezera Johnny Hallyday

Ibihumbi vy'abantu i Paris bari baje gusezera rurangiranwa Johnny Hallyday yashengeye kuwa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibihumbi vy'abantu i Paris bari baje gusezera rurangiranwa Johnny Hallyday yashengeye kuwa gatatu

Mu Bufaransa basezeye ubwa nyuma umwe muri barurangiranwa bakomeye muri ico gihugu, Johnny Hallyday, mu muhango wabereye hagati mu muji wa Paris.

Umuhango wari ugizwe n'igice c'umuziki w'injana ya Rock, hamwe n'igice c'ibikorwa vyo kwibuka no kwunamira umuhisi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Isandugu yiwe yera yajanwe muri rimwe mu masengero akomeye mu Bufaransa

Isandugu yiwe yera yajanywe muri rimwe mu masengero akomeye, ku muziki wa blues, impundu hamwe n'amashi menshi y'ibihumbi vy'abakunzi biwe bari baje kumusezera.

Kare ikiziga ciwe catambagijwe kuri Champs Elysees giherekejwe n'amajana y'abagira ku mapikipiki.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikiziga catambagijwe Champs Elysees giherekejwe n'abamotari

Aho yashikiriza ijambo ryo kwibuka uwo muhisi, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko uwo muririmvyi yari agize igice c'Ubufaransa ubwaco.

Ngo kandi benshi mu baje kumwunamira bumvise nk'uko umengo babuze umuntu wo mu muryango.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Johnny Hallyday yari rurangiranwa mu Bufaransa no mu bindi bihugu bivuga igifaransa

Johnny Hallyday yaryamiye ukuboko kw'abagabo kuwa gatatu nyuma y'uburwayi bw'amahaha yari amaranye igihe.