Abarabu basavye Amerika kwisubirako kuri Yerusaremu

Inama yihutirwa y'urunani rw'ibihugu vy'Abarabu yagabishije Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inama yihutirwa y'urunani rw'ibihugu vy'Abarabu yagabishije Amerika

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire 22 baserukiye ibihugu vy'Abarabu, basavye Amerika kwisubirako ku ngingo yo kwemeza Yerusaremu nk'umurwa mukuru wa Isiraheli.

Mu rwandiko rwasohowe nyuma y'inama yihutirwa yabera i Cairo, Urunani rw'Abarabu rwavuze ko iyo ngingo ye Leta Zunze Ubumwe za Amerika izotuma ubwicanyi bwiyongera mu burasirazuba bwo hagati.

Basaba kandi amakungu kwemeza Palestine nk'igihugu hamwe na Yerusaremu y'ubuseruko, umurwa mukuru wayo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inama yihutirwa y'urunani rw'ibihugu vy'Abarabu yagabishije Amerika

Umushikiranganji wa Libani ajejwe imigenderanire, Gebran Bassil, yavuze ko Amerika yari ikwiye gufatirwa ibihano vy'ubutunzi, kugira ibuzwe kwimurira ambasade yayo i Yerusaremu.

Izindi nkuru zijanye n'iyi:

Donald Trump yemeje Yerusaremu nk'umurwa mukuru wa Isirayeri

Isiraheli yabandanije ibitero ku mugwi Hamas muri Palestine

Palestine ishobora guhagarika ubucuti na Amerika kubera iyugarwa ry'ibiro vyayo