Igihugu c'Ubudage cagiriza Ubushinwa kugisumako urusaku

Ubushinwa ngo bwakoresheje urubuga Linked In mu gusuma urusaku ku Budage Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubushinwa ngo bwakoresheje urubuga Linked In mu gusuma urusaku ku Budage

Ibiro bijejwe iperereza ry'imbere mu Budage vyatanze amakuru yerekana ukuntu Ubushinwa bukoresha amazina y'abantu batabaho ku mbuga hwaniro mu gusuma urusaku.

Ivyo bikorwa mu kugerageza gutororokanya amakuru ku bategetsi n'abanyepolitike b'Abadage hamwe no kugeregeza kubahindura abasumyi b'urusaku b'Ubushinwa.

Ivyo biro bivuga ko abajejwe iperereza b'Abashinwa bakoresheje urubuga rwa Linked In mu kuvugisha ibihumbi vy'abanyagihugu bo mu Budage.

Vyerekanye imbuga nyinshi z'abantu b'Abashinwa batabaho, bashizeko kubera izo mvo, bakigira abantu bakorera ikigo gitanga ubuhanuzi mu vy'ubutunzi.

Ubudage bwaratanze amakuru agabisha asa nk'aya mu kwezi kw'indwi.