Indege mu gikorwa co kwirukana abakozi barengeje amasaha y'akazi mu Buyapani

Iyo kompanyi ya Taisei itegekanya kkugerageza ubwo buhinga bushasha mu kwezi kwa kane umwaka uza Uwufise ububasha kw’isanamu Taisei
Image caption Iyo kompanyi ya Taisei itegekanya kkugerageza ubwo buhinga bushasha mu kwezi kwa kane umwaka uza

Ikompanyi imwe yo mu Buyapani itegekanya gukoresha indege zitagira umudereva mu kwirukana abakozi badataha bariko barakora mu gihe amasaha y'akazi ategekanijwe yaheze.

Izo ndege zizoza ziguruka zishike aho abakozi b'iyo kompanyi ya Taisei bicaye zibavugirize umuziki.

Izo ndege zidasanzwe zizoza ziravuza umuziki udasanzwe wa Auld Lang Syne isanzwe ivuzwa kenshi mu gutangaza ko amaduka n'ibiro vyugaye.

Ubuyapani bumaze igihe rihanganye n'ikibazo c'abakozi bakora akazi bakarenza urugero, bigira ingaruka mbi ku magara y'abakozi, mbere rimwe na rimwe bigatuma babura ubuzima.

Benshi mu bahinga ariko ntibakiriye neza iyo ngingo ya Taisei, bavuga ko iri ingingo " y'ubujuju".

Inkuru zitangwa n'ibimenyeshamakuru vyo mu Buyapani zivuga ko iyo kompanyi iraba ivyerekeye umutekano n'isuku, izokoresha indege zakozwe n'ikompanyi y'indege zitagira umudereva ya Blue Innovation zizokoresha ubuhinga bw'ikompanyi yo gutumatumanako amakuru ya NTT East.

Image caption Abakozi bo mu Buyapani bakora akazi umwanya muremure

Izo ndege zizoba zifise kamera kandi zizuzunguruka mu mu biro ziririmbira abakozi basigaye ku kazi iyo ndirimbo.

Taisei bategekanya gutangura kugerageza uwo mugambi mu kwezi kwa kane mu 2018, babonye ufise akarusho, batangure kuwugurisha ku bandi.