Uwashatse kugaba igitero c'ubwiyahuzi New York yikomerekeje

Uwo mwiyahuzi yashatse kwiturikiriza ku gituro ca bisi ca Port Authority Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwo mwiyahuzi yashatse kwiturikiriza ku gituro ca bisi ca Port Authority

Umwiyahuzi yari yateguye guturitsa igisasu hafi y'igituro ca bisi kigendwa cane mu muji wa New York muri Amerika yikomerekeje hamwe n'abihitira batatu.

Umukuru w'igisagara, Bill de Blasio, yavuze ko ari igitero c'umwiyahuzi cahatswe mu masaha yo kuja ku kazi mu gitondo.

Ubu igipolisi gifise mu minwe uwo yashatse kwituritsa, akaba ari umusore akiri muto wo muri Bangladesh, Akayed Ullah, amaze imyaka myinshi yimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yagize ibikomere vy'ubushe yatewe n'ico gisasu yari yiyambitse ku mubiri.

Buramatari w'intara ya New York, Andrew Cuomo, yavuze ko bisa nk'uko uwo mwiyahuzi yahawe iciyumviro n'imigwi nk'uwiyita leta ya Islam.