MSFivuga ko aba Rohingya ari bo 6.700 biciwe i Myanmar

Two-year-old Hazera, confused and scared, holds on to her mother after reaching Bangladesh from Myanmar
Image caption Mu mpunzi harimwo igitigiri kinini c'abana

Aba Rohingya 6.700 barishwe mu kwezi kumwe inyuma y'imidurumbanyo yadutse i Myanmar mu kwezi kw'umunani, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe Medecins Sans Frontieres.

Bishimikije kuri rusansuma rw'impunzi ziri muri Bangladesh, igitigiri ni kinini cane gusumba ico abategetsi ba Myanmar bavuga c'amajana ane.

MSF ivuga ko ari "ikigaragaza uko ubwicanyi bwagizwe henshi" n'abategetsi ba Myanmar.

Igisirikare ca Myanmar kivuga ko cariko kiragwanya abitwaje iterabwoba, kigahakana ko ata kibi cakoze.

Papa Francis yabonanye n'impunzi z'aba Islam b'aba Rohingya

Aba Rohingya barenga 647.000 barahungiye mu gihugu kibanyi ca Bangladesh kuva mu kwezi kw'umunani, nk'uko bivugwa na MSF.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Benshi mu mpunzi barasinzikarijwe ubuzima

Amatohoza y'iryo shirahamwe rifasha abari mu kaga ryasanze aba Rohingya 9.000 bapfiriye mu gihugu ca Myanmar, kizwi kandi kw'izina rya Burma, hagati y'itariki 25 z'ukwezi kw'umunani n'itariki 24 z'ukwezi kw'icenda.

Onu isaba kwihutisha imfashanyo ku mpunzi za Rohingya

Bigaragara ko abashika 6.700 bazize intambara, hariwo n'abana 730 bari musi y'imyaka itanu.

Mu misi iheze, igisirikare cari camenyesheje ko abantu bashika 400 ari bo bishwe, benshi muri bo ngo bakaba bari aba islam bitwaje iterabwoba.

Image caption MSF ivuga ko ivyo impunzi zivuga ko zaciyemwo biteye ubwoba cane

Ibindi bisa n’ibi