Ni ibiki bikuru bizohinduka mw'ibwiriza shingiro ry'u Burundi?

Amatora ya kamarampaka yitabwe cane mu Burundi
Menya ibikuru bikuru bigiye guhinduka mw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi, nihatsinda "ego" mu matora ya kamarampaka yo kuri uyu wa 17/05/2018.
Mw'ibwirizwa ryahahora vyasabwa ko uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu aba afise kuva ku myaka 35 y'amavuka, akaba yavutse ari Umurundi.
Iry'ubu risaba kuva ku myaka 40 kandi uwitoza akaba ata bundi bwenegihugu yigeze agira atari ubw'u Burundi.
Aho umukuru w'igihugu yahorana ivyegera bibiri ubu azoba afise kimwe, badasangiye ubwoko n'umugambwe kandi akaba yaratowe.
Umushikiranganji wa mbere
Hategekanijwe ikibanza gishasha c'umushikiranganji wa mbere kitahahora, uwo akaba ariwe azoba ajejwe imirimo ya leta.
Azogenwa n'umukuru w'igihugu ariko iyo nteguro ntaco ivuga ku bwoko canke umugambwe azovamwo ugereranije n'ibiranga umukuru w'igihugu, gusa ategerezwa kuba afise ubwenegihugu bw'u Burundi yamanye kuva na kare.
Uwuzokwemererwa kwitoreza kuba umukuru w'igihugu c'u Burundi agomba kuba ata bundi bwenegihugu yigeze agira
Ibwirizwa nshingiro rihasanzwe ryategekanya ko inama nshingamateka na nkenguzamateka zishobora gukura umukuru w'igihugu mu gihe akoze ikosa rikomeye, akoresheje ububasha bwiwe nabi canke ariye igiturire.
Mu nteguro nshasha ivyo ntabirimwo, hasigaye ingingo ivuga gusa ko adashobora gukurikiranwa ku bikorwa bijanye n'amabanga yiwe.
Kiretse akoze icaha co guhemukira igihugu, ivyo navyo bikaba biri mu bubasha bwa sentare y'ikirenga, Haute Cour.
Nta mu Murundi azoburanywa hanze
Integuro nshasha ivuga ko ata Murundi n'umwe ashobora kurungikwa mu kindi gihugu gucirirwayo urubanza.
Aho umukuru w'igihugu yahora atorerwa ikiringo c'imyaka itanu, ubu azotorerwa ikiringo c'imyaka indwi kandi agashobora gusubira kwitoza
Ingingo ihasanzwe yo ivuga ko ivyo vyashoboka gusa mu gihe akurikiranwa n'urwego mpuzamakungu ku vyaha vya genocide, ivyaha vyo mu ntambara canke ivyaha bikorewe izina muntu.
Ubwinshi bwa 51% gusa
Mu gutora amategeko, hahora hakenerwa abashingamateka babiri kuri batatu n'ukuvuga hafi 66 kw'ijana kugira itegeko ryemezwe, ubu hazosabwa umwe kuri babiri barenzeko umwe, n'ukuvuga 51 kw'ijana.
Mu ngingo mfatakibanza imbere y'uko hajaho inzego zitowe hakurikijwe iryo bwirizwa shingiro rishasha mu 2020, inzego zihasanzwe ziguma ku butegetsi.
Ibiringo vy'umukuru w'igihugu
Aho umukuru w'igihugu yahora atorerwa ikiringo c'imyaka itanu, ubu azotorerwa ikiringo c'imyaka indwi kandi agashobora gusubira kwitoza.
Ibwirizwa rihasanzwe rivuga ko atawurenza ibiringo bibiri, muri iryo bwirizwa rishasha ikizoba kitemewe n'ukurenza ibiringo bibiri bikurikirana.
Iyo nteguro nshasha yanditswe mu kirundi no mu gifaransa, bukaba bubaye ubwa mbere itegeko risohoka gutyo n'ubwo mw'ibwirizwa shingiro ryahahora ari uko ribitegekanya ariko amategeko agasohoka mu gifaransa gusa.