Kugira amahirwe angana kuri internet bigiye kuvaho

Muri Amerika bakuyeho ingingo iha bose amahirwe angana kuri internet, ibintu vyababaje benshi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muri Amerika bakuyeho ingingo iha bose amahirwe angana kuri internet, ibintu vyababaje benshi

Urwego rujejwe ubugenduzi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rwatoye gukuraho ingingo yaha bose amahirwe angana kuri internet.

Iyo ngingo izwi nka "net neutrality", canke kudahengama mu vya internet, yabwiriza abatanga uburyo bwa internet guha amahirwe amwe ibitangazwa vyose.

Umugwi w'igihugu ujejwe itumatumanaho, wiganjemwo abo mu mugambwe w'aba Republicain, watowe ukirikije umurongo w'umugambwe mu gukuraho iyo ngingo yazanywe na Prezida Obama haciye imyaka ibiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi ujejwe itumanaho urongowe na Ajit Pai (hagati) uvuga ko gukuraho iyo ngingo bizovugurura internet

Abashigikiye kuyikuraho, barimwo n'umukuru w'uwo mugwi Ajit Pai, bavuga ko bizoteza imbere ivugururwa rya internet.

Ariko ababinenga bavuga ko gukuraho ingingo ya "net neutrality" bizotuma abatanga uburyo bwa internet baca baha amahirwe menshi ibigo bizotanga amafaranga.