Kuva kw'Ubwongereza mw'ishirahamwe rya Buraya ntikworoshe

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May, ari mu biganiro bikomeye na bagenzi biwe barongoye ibihugu vya Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May, ari mu biganiro bikomeye na bagenzi biwe barongoye ibihugu vya Buraya

Umukuru w'akanama k'ubumwe bwa Buraya yagabishije ko igice ca kabiri c'ibiganiro vya Brexit kizoba kigoye gusumba ica mbere.

Ivyo Jean Claude Juncker yabivuze mu gihe abategetsi b'ubumwe bwa Buraya bakoranye kugira batange uburenganzira bw'uko ivyo biganiro bibandanya.

Abo bategetsi b'ibihugu 27 bigize iryo shirahamwe bozosigara inyuma ya Brexit, babanza kwemeranya ubwa mbere ko hari intambwe imaze gushikwako.

Brexit: Ubwongereza bwemeye kwongereza amahera bwoha EU

Merkel asaba Ubwongereza kwubahiriza ikirangaminsi c'ibiganiro vya Brexit

Intambwe ikurikira izoba ri nk'umwumvikano w'imfatakibanza, uzokurikirwa n'amasezerano y'ubudandaji.