Tanzaniya isaba ubutungane ku basirikare baco bishwe

Igitero giheruka ni ica mbere gitwaye abasirikare benshi ba Onu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igitero giheruka ni ica mbere gitwaye abasirikare benshi ba Onu

Leta ya Tanzaniya isaba Onu gukora itohoza ku rupfu rw'abasirikare baco bishwe mu ndwi iheze, bari mu gikorwa co gutsimbataza amahoro n'umutekano mu gihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Mu birori vyo kwibuka abapfuye, umushikiranganji wa mbere, Kassim Majaliwa yavuze ko imiryango yabo na leta bipfuza kumenya neza ingene vyagenze.

Leta ya Tanzaniya ihamagarira umuryango mpuzamakungu Onu gukoresha itohoza ku mugaragaro ku maraso yasesetse y'abasirikare b'abatanzaniya, kugira ukuri kuje ahabona, ubutungane bushikweko.

Ngo bizeye kw'ivyo bizokogwa mu gihe gito.

Ico gitero ngo nico gihitanye abantu benshi bo mu mugwi w'abacungera amahoro n'umutekano ba Onu muri ino myaka 25 irangiye.

Onu yegeka ubwo bwicanyi ku nyeshamba z'abaganda zo mu mugwi "Alliance for Democratic Forces" (ADF), ariko nta kiravyemeza.