Mnangagwa yagenywe kurongora Zanu-PF

Perezida Emmerson Mnangagwa yiyemeje kwubahiriza demokarasi
Image caption Perezida Emmerson Mnangagwa yiyemeje kwubahiriza demokarasi

Umukuru w'igihugu mushasha wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, yatowe kurongora umugambwe Zanu-PF no kuwuhagararira mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu mwaka uza.

Bwana Mnangagwa yavuze ko umugambwe Zanu-PF uzubahiriza politike ishingiye ku ntwaro rusangi ku burongozi bwiwe.

Mw'ijambo yashikirije mw'ikoraniro kaminuza riba rimwe ku mwaka, Bwana Mnangagwa yavuze ko Zanu-PF ikwiye kwama ihiganwa mu matora yizewe, y'ukuri kandi arangwamwo umwidegemvyo.

Ni ikoraniro rya mbere kuva Robert Mugabe atanze imihoho inyuma y'imyaka 37 ku butegetsi, intumwa zitavye iryo koraniro zikaba zitegekanya kwemeza ko Bwana Mnangagwa ariwe mukandida w'umugambwe mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu mwaka uza.

Zishobora kwemeza no ku bijanye no gukugwa mu mugambwe Zanu-PF ku kiringo c'ubuzima, kw'umugore w'uwahora atwara igihugu, Grace Mugabe.