Mnangangwa yatorewe kuyobora ZANU-PF muri Zimbabwe

Mnangagwa yavuze ko gutosekaza imigambi n'amategeko y'umugambwe bitazosubira Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mnangagwa yavuze ko gutosekaza imigambi n'amategeko y'umugambwe bitazosubira

Umugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe, ZANU-PF, wemeje umukuru w'igihugu mushasha, Emmerson Mnangangwa, nk'umukuru wawo.

Bwana Munangagwa kandi niwe azoserukira ZANU-PF mu matora y'umukuru w'igihugu yitezwe mu mwaka uza.

Mu nama idasanzwe ngarukamwaka y'uwo mugambwe, umugore w'uwahoze ari umukuru w'iguhugu Robert Mugabe, ari we Grace, yirukanywe mu mugambwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Grace Mugabe yirukanywe muri ZANU-PF

Bwana Mnangagwa babariye iyo nama yuko ku burongozi bwiwe, ZANU-PF izokwubahiriza ingendo ya demokrasi.

Yavuze ko imigambi n'amagegeko vy'uwo mugambwe vyatosekajwe ngo kandi ivyo kirazira ku bisubira.