Ethiopia: 61 bishwe mu ndyane z'amoko

Indyane zishingiye ku moko zatewe n'ibibazo vy'imbibe
Image caption Indyane zishingiye ku moko zatewe n'ibibazo vy'imbibe

Niburiburi abantu 61 bishwe mu ndyane zadutse mu ntara ya Oromia yo mu gihugu ca Ethiopia kuva ku munsi wa kane, niko ubutegetsi bwavuze.

Abanyagihugu bitwaje ibigwanisho bo mu bwoko bw'aba Somali bishe abantu 29 bo mu bwoko bw'aba Oromo ahitwa Hawi Gudina, nabo mu kwihora bica aba Somali 32 mu gitero cabaye muri komine ya Daro Lebu, nkuko vyashikirijwe n'umuvugizi wo muri ako karere, Addisu Arega Kitessa.

Bwana Addisu yamenyesheje ko inzu 350 zasambuwe.

Ubwo bwicanyi bwatanguye igihe "abitwaje ibigwanisho batatumwe n'abavukanyi bacu b'aba Somali basanzwe batekanye, batereye amakaritiye ya Ibsa na Tao...babanje kwivanga n'abanyagihugu baho", niko umuvugizi yamenyesheje mw'itangazo.

Yavuze k'ubutegetsi bw'intara "buriko burakora ngo bushikirize ubutungane abakoze ubwo bwicanyi", nkuko ikinyamakuru Reuters camenyeshe.

Abo bantu bishwe haheze iminsi abasirikare bugururiye umuriro ku banyagihugu bari mu myiyerekano mu gisagara ca Celenko ca Oromia, aho aba Oromo 16 bishwe.

Umukuru w'igihugu w'akarere Lema Megersa yavuze ko bataramenya uwagomoye ingabo ku munsi wa kabiri, avuga ko "biteye kubiri n'amategeko ko bikwiye guhanwa".

Abantu amajana baramaze kwicwa abandi ibihumbi bavanwa mu ngo zabo mu bwicanyi bushingiye ku moko bumaze amezi hamwe no mu myiyerekano y'ukugwanya ubutegetsi muri iyo ntara.

Abarenga 50 baguye mu myiyerekano muri Ehtiopia

Benshi baguye mu mishamirano n'igipolisi muri Ethiopia