Autriche: Imyiyerekano yo kwiyamiriza intagondwa ku butegetsi

Abapolisi bari bahanganye n'isinzi ry'abantu imbere y'ingoro y'umukuru w'igihugu, Hofburg Palace Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abapolisi bari bahanganye n'isinzi ry'abantu imbere y'ingoro y'umukuru w'igihugu, Hofburg Palace

Mu gihugu ca Autriche hiriwe imyiyerekano imbere y'ingoro y'umukuru w'igihugu, abanyagihugu bakaba bariko biyamiriza umuzo w'intagondwa ku butegetsi.

Igipolisi cari cakomeje cane umutekano igihe ibihumbi vy'abanyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta imbere y'ingoro y'umukuru w'igihugu, inyuma yaho intagondwa zisubiye kwigarurira ubutegetsi mu gihugu ca Autriche.

Umugambwe Freedom Party, watangujwe n'abahora mu mugwi w'aba Nazis mu myaka y'iza 50, wari warigeze kuja ku butegetsi mu mwaka w'i 2000. Ico gihe abanyagihugu barawiyamirije, ariko ubu bakaba bari bamaze igihe bari mu gacerere naho uwujejwe igisata c'ubutunzi mu muryango w'ibihugu vya Buraya, Pierre Moscovici, yari yagabishije avuga kw'ukuja ku butegetsi kw'izo ntagondwa kutofatwa minenengwe.