Zambia yisubiyeko ku mugambi wo gushira abashinwa mu gipolisi

Abanyagihugu baturuka mu Bushinwa bakiriwe ejo n'urwego rw'igipolisi Uwufise ububasha kw’isanamu Mwebantu Media
Image caption Abanyagihugu baturuka mu Bushinwa bakiriwe ejo n'urwego rw'igipolisi

Igipolisi ca Zambia cahagaritse umugambi wo gukoresha abashinwa umunani mu rwego rw'igipolisi inyuma yaho abanyagihugu bavyiyamirije.

Iyo ngingo yafashwe haheze amasaha 24 abo bapolisi bashikirijwe amabanga mu birori vy'ingoma vyabereye ku mugwa mukuru Lusaka.

Abanye Zambia baribajije ingene hogenwa abanyamahanga mu mugwi w'abosubiririra abandi, basanga birimwo amahinyu mu gihe hari iyindi ngingo yaheruka gufatwa mu ntango z'umwaka yihanikiza abapolisi kwubakana n'abanyamahanga "ku mvo z'umutekano".

Mw'itangazo, umuvugizi w'igipolisi Madamu Esther Mwata-Katongo yavuze ko umukuru w'igipolisi Kakoma Kanganja yahagaritse igena ry'abo bashinwa bitewe nuko abanyagihugu bavyiyamirije.

Yongeye ati "abanyagihugu bakwiye kumenya ko igena ryabo ritari riteye kubiri n'amategeko ariko ko ryari mu ngingo zigenga ivy'igipolisi ca Zambia, Zambia Police Reserve Act".