Serena Williams asaba abafana ubufasha ku kibazo c'umwana wiwe

Serena Williams Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Serena Williams yibarutse mu kwezi kw'icenda

Serena Williams avuga ko umwana wiwe ahanzwe n'amenyo ariko arashaka guseruka, ku buryo yageregaje ivyo ashobora kwibaza vyose vyomufasha kumutezurira, ariko bikanka.

Umukobwa wiwe, Alexis Olympia Ohanian Jr, yavutse kw'itariki imwe z'ukwezi kw'icenda uyu mwaka.

Aciye ku rubuga rwiwe rwa Twitter , yasavye abafana ubufasha.

Abafana ba Serena bamuhanuye vyinshi birimwo guha umwana udukinisho ahekenya tukamera nk'utumwagaza ku bishinyari, canke imiti yo kumusiga kw'ishinyo itimbura.

Abandi bamuremesha bavuga ko mu bisanzwe guhuha amenyo bitamara igihe kinini bibabaza umwana.

Kimwe mu bimenyetso vy'umwana agiye kumera amenyo n'uko ashaka gushira mu kanwa intoke ziwe canke ibindi vyose ashikiriye.

Abenshi batangura ku mezi atandatu, kugera kuri kumi n'abiri. Ariko hari abatangura kare, ndetse hari n'abavukana iryinyo.