Biracagoranye kwicarana mu nama nshingamateka ya Uganda

Rebecca Kadaga Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Umukuru w' inama nshingamateka ya Uganda Rebecca Kadaga

Impari zaduka mu ngoro y'amakoraniro, zituma ikibazo co kwiga itegeko rigenga imyaka ntarengwa umukandida mu matora y'umukuru, kitarigwa n'abashingamateka ba Uganda

Ku munsi ugira kabiri igikorwa co guhana ivyiyumviro kuri iyo ngingo congeye guhagarikwa mu kiringo c' infatakibanza, inyuma y'aho abashingamateka bo ku ruhande rutavuga rumwe na leta batangarije ko bafise impungenge z'umutekano wabo.

Abo bashingamteka banka itegeko bavuga ko hamwe ryoramuka ryemewe, ryoheza rigaha uburenganzira perezida Museveni bwo kwitoza kuyobora ku ncuro ya gatandatu.

Leta ya Uganda itangaza ko hari abapolisi mu ngoro y'inama nsnhingamateka ariko atari abasoda nk'uko abo bashingamateka batavuga rumwe na leta babiketse.

Umukuru w'inama nshingamateka Rebecca Kadaga, yavuze ko yatahuye umwitwarariko w'abo bashingamateka batavuga rumwe na leta, asaba ko haba amatohoza.

Ariko rero avuga ko ibiganiro kuri iryo tegeko vyo bitegerezwa kubandanya.