Uganda: Abasirikare ngo boba baratovye ibikogwa vy'abadepite

Umukuru w'inama nshingamateka ya Uganda, Rebecca Kadaga Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Umukuru w'inama nshingamateka ya Uganda, Rebecca Kadaga

Umukuru w'inama nshingamateka ya Uganda yasavye itohoza ku bivugwa ko abasirikare boba barinjiye mu ngoro y'inama nshingamateka, igihe abadepite bariko barihweza ikibazo c'imyaka ku wusabwa kurongora igihugu.

Ivyo bikogwa vyarahagaritswe vy'agateganyo, inyuma yaho abashingamateka bashikiririje amakenga ku bijanye n'umutekano wabo.

Bariko biyamiriza itegeko ryotuma Perezida Yoweri Museveni asubira ku butegetsi ku kiringo kigira gatandatu.

Leta ya Uganda ivuga ko hari abapolisi mu ngoro y'inama nshingamateka, ko batari abasirikare.

Umukuru w'inama nshingamateka, Rebecca Kadaga, yavuze ko ategera amakenga y'abadepite, aca asaba ko hokogwa itohoza.

Ariko yavuze ko ibiganiro vyo guhindura ibwirizwa shingiro bitegerezwa kubandanya.

Mu kwezi kw'icenda - abasirikare bambaye impuzu zisanzwe barinjiye mu ngoro y'inama nshingamateka bakubita bongera bafata abashingamateka, ivyo bikaba vyarababaje abaganda benshi.

Muri kino gihe abapolisi n'abasirikare bagomowe iruhande y'ingoro y'inama nshingamateka no mu gisagara.