USA: Itegeko rigenga amakori mu nteko

Aba Demokarate benshi ntibashigikiye itegeko risha ry'amakori Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aba Republicains bizeye guhitisha itegeko rigenga amakori imbere yo kuja mu karuhuko

Integuro y'itegeko risha rigenga amakori muri Leta zunze uUbumwe za Amerika hamwe yoramuka itowe, perezida Trump yoca arishirako igikumu ejo ku munsi wa gatatu igahinduka itegeko.

Umugambi uri muri iryo tegeko, ari nawo wa mbere ukomeye ku mahinduka yerekeye amakori kuva mu myaka iharugwa mu mirongo muri ico gihugu, uteganya kugabanya cane amakori ku bagwizatunga, no kugabaniriza makeya ku batanga amakori manini ku giti cabo.

Aba demokarate barekwa iyo nteguro y'itegeko bavuga ko ari nko gutangisha ibanfu amafaranga yahora yinjira mu kigega avuye ku barwizatunga n'abandi batunzi.

Bavuga ko iryo tegeko rishobora guteza igihengeri c'umwenda wa miriyaridi 1500 z'ama dorari mu myaka 10 iri imbere, biturutse muri ico gikorwa co kuryemeza bagereranya no kugabiza ibanfu amashirahamwe n'abanmdi batunzi, amafaranga yogiye mu kigega ca leta.