Ingenzi zahitanywe n'isanganya ry'imodoka muri Mexique

Crashed bus on the Chetumal-Mahahual highway, in Mahahual, Mexico, 19 December 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Iyo modoka yari ijanye ingenzi kuratira ijisho ibisigarira vya Mayan i Chaccoben

Imodoka ijanye ingenzi yatembagariye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Mexique, ihitana abantu 12 nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abandi 18 bakomerekeye muri iyo mpanuka yabereye hagati ya Mahahual na Cafetal mu ntara ya Quintana Roo.

Iyo modoka yarimwo abantu 31 bari mu modoka ya Royal Caribbean igana ahari ibisigarira vya Mayan i Chaccoben.

Abari muri iyo modoka bava mu bihugu vya Amerika, Suede, Ubutaliyano na Brezil, nk'uko kompanyi y'iyo modoka ibivuga.

Umudereva wo muri Mexique hamwe n'abatembereza ingenzi bivugwa ko bari muri urwo rugendo.

Abakomeretse baciye bajanwa ku bitaro, batanu muri bo bakaba bamaze gutaha iwabo, nk'uko bivugwa na kompanyi ya Costa Maya.

Royal Caribbean ivuga ko yari ifise abashitsi 27 muri iyo modoka kandi ko iyo mpanuka ari "incamugongo".

"Turahojeje abagize impanuka bose. Turiko turakora uko dushoboye ngo twiteho abashitsi bacu, harimwo kubavuza no kwubunguruza," ni ko yavuze kuri Twitter.