Canada: Abasaza batandukanye ubwa mbere kuri Noweli

Herbert na Audrey Goodine batandukanye ubwa mbere mu myaka 73 Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK/ DIANNE PHILLIPS
Image caption Herbert na Audrey Goodine batandukanye ubwa mbere mu myaka 73

Umutama n'umutamakazi baturuka mu gihugu ca Canada bafashwe n'agahinda bamenye ko bagiye gutandukana ku Noweli, bamaze imyaka irenga 70 bayihimbariza hamwe.

Herbert Goodine, 91, yabwiwe ko ategerezwa kuva mu kigo c'abasaza yabanamwo n'umugore wiwe Audrey Goodine, 89, akaja mu kibanza boshobora gukurikiranira hafi amagara yiwe.

Ico kigo kiri Perth-Andover, muri New Brunswick, cabwiye abo basaza ku munsi wa gatanu ko atagerezwa kwimuka mu mpera z'ino ndwi.

Iyo nkuru yatunguye abatari bake mu gihugu.

"Igihe nganira n'abavyeyi banje ejo, narumvise mama ariko ararira, ndumva na papa hirya," niko umukobwa wabo Dianne Phillips yanditse kuri Facebook ku munsi wa Mungu.

"Mama yavuze ati: "Ivya Noweli birarangiye kuri twebwe, ino yimirije igiye kuba iya mbere mbi cane tubonye. Ni kuki batarindiriye inyuma y'iminsi mikuru?"

Ayo majambo ya Madamu Phillips yahererekanijwe incuro 15000 kuri Facebook.

Madamu Phillips yavuze ko yatelefonywe ku munsi wa gatanu abwigwa ko se akitswe n'amagara, ko akwiye kwimurigwa mu kindi kigo aho bomukurikirana kurusha.

Avuga ko mu gihe ananiriwe gufata ingingo, ko igisata kijejwe abo basaza caciye gifata ingingo ku ruhande rwabo.

Avuga ko yasavye ngo bigize inyuma iryo sango ryo kwimura se ku kiringo c'indwi kugira ngo bashobore gusangira Noweli, baramwankira.

Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK / DIANNE PHILLIPS
Image caption Abo basaza ngo bashobora kutazosubira gusangira Noweli

Uwuserukira ikigo uwo mutama yabamwo yishuye kuri Facebook.

"Igihe uwo dukurikirana arengeye ububasha bwacu, igisata kibijejwe naco kikaba casanze amagara yiwe ageze ku rundi rugero, ntegerezwa gukurikiza amategeko ya leta.

"Mu vyukuri noba ndenze amategeko ntakurikije ibisabwa kandi nshobora no gutakaza uruhusha rwo gukora kano kazi. Muri kino gihe ingingo yafashwe, ntaco nshobora gufasha."