Australia: Umurundi yapfuye asomye nturi

Abanyagihugu babangurukanya abariko baragwana Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK/ ALAIN AQUADE
Image caption Abanyagihugu babangurukanya abariko baragwana

Umuhungu w'imyaka 15 aturuka mu gihugu c'u Burundi yitavye Imana inyuma yaho asomeye nturi yoga ku nkengera za Glenelg mu gihugu ca Australia ku munsi wa mbere.

Elias Nimbona yakuwe mu mazi atumva atabona.

Inyuma yaho iyo mpanuka ibereye, bagenzi biwe ntibagize amahigwe.

Umugabo yahavuye yagirizwa ukutigenza neza yarabatutse, munyuma bija mu migere.

Kuri video yashizwe ku mbuga hwaniro ubona uwo mugabo abatuka ibitutsi bishingiye ku macakubiri y'urukoba.

Abita "imbwa" ko "badakomeye", ivyo bikaba vyatumye baca bamurengerako.

Bamwe muri abo bahungu baciye baja kw'uwo mugabo baramukubita, bamutera n'imigere.

Abanyagihugu baraho baciye baja mu vyo kubabangurukanya, umugore umwe akavuga ati "hagarika, hagarika".

Elias yari mu rubanza rw'isabukuru ku kiyaga, nkuko ibinyamakuru vyo muri ako karere bivuga.

Yatowe areremba mu mazi, amaso araba mu mazi.

Abatabazi baragerageje kumugarurira ubuzima ariko munyuma aracikana.

Uwashize iyo video kuri Facebook avuga k'uwo mugabo "ariwe yakweze" intambara, ko yariko "arafata amafoto kandi atwenga ababuze".

Uwo mugabo w'imyaka 31 yagirijwe kwigenza nabi no kuba yarafise ikigwanisho, mu gihe bamusanganye imbugita.

Elias Nimbona abaye uwa kabiri asomye nturi ku nkengera za Glenelg muri zino ndwi zibiri, inyuma y'urupfu rw'umunyeshuli w'umukobwa aturuka mu Buhindi itariki 10 z'ukwa 12.

Avugwa ko yari "umwana mwiza", nkuko umuvugizi w'ishirahamwe ry'abarundi baba mu bumanuko bwa Australia yavuze.

"Birababaje - yarakiri muto."