Umusirikare wa Korea ya ruguru yahungiye muri Korea y'epfo

In this handout photo provided by the South Korean Defense Ministry on August 10, 2015, South Korean soldiers patrol near the scene where planted landmines exploded on August 4, maiming two soldiers on border patrol in the demilitarized zone dividing North and South Korea, on 9 August 2015 in Paju, South Korea. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Akarere katarangwamwo abasirikare DMZ hagati ya Korea ya ruguru n'iyo epfo ni ko karere gacungerewe cane kw'isi

Abasirikare ba Korea y'epfo barashe amasase yo kugabisha ku bacungera urubibe ba Korea ya ruguru bariko bararondera umusirikare yatorotse.

Abasirikare ba Korea ya ruguru binjiye mu karere katarangwamwo ibikorwa vya gisirikare (DMZ) inyuma y'isaha zibiri (23:00 GMT) ku musi wa gatatu.

Yaturumbutse mu gipfungu kw'ibariyeri, ni ko igisirikare ca Korea y'epfo kivuga.

Ni umusirikare agize kane wa Kotrea ya ruguru ahunze uyu mwaka.

Umuti w'ikibazo cya Korea ya ruguru ngo urashakishwa vuba

Korea ya ruguru: Dushobora gutera ahari ho hose muri Amerika

Ivyo bikaba bishitse inyuma y'indwi zike umwe muri abo batoroka yishwe muri ibi bihe vya vuba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Hari igipfungu cinshi kuri iyo bariyeri nk'uko bivugwa n'igisirikare ca Korea ya ruguru

Ico gihe, itariki 13 z'ukwezi kwa cumi na rimwe, umusirikare yariko arahunga yararashwe igihe yariko arahungira muri Korea y'epfo mu karere gacunzwe n'impande zose mu kigwati ca Panmunjom.