Espagne: Hatanguye amatora rusangi mu ntara ya Catalogne

Reta ya Espagne ivuga ko ibintu ubu vyifashe neza
Image caption Reta ya Espagne ivuga ko ibintu ubu vyifashe neza

Abanyagihugu bo mu ntara ya Catalogne bazindukiye mu matora y'abategetsi bashasha, aho reta ya Espagne yitee ko arangiza indyane za politike ziri muri iyo ntara.

Reta ya Espagne yarahagaritse ubutegetsi bwahahora inyuma yo gutegura amatora ya kamarampaka yo kwemeza canke guhakana ukwikukira bavuga ko atakurikije amategeko.

Image caption Abantu benshi baritezwe muri ayo matora rusangi

Uwahoze ari prezida wa Catalogne, Carles Puigdemont, yabandanije imyiyamamazo yiwe yo kuvavanura na Madrid aho ari mu buhungiro mu Bubiligi aciye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Image caption Mu kwezi kwa cumi harabaye imiyerekano ikomeye yo gusaba ko intara ya Catalogne

Ibiharuro vyerekana ko imigambwe ishaka kwiyonkora n'iyitavyipfuza birabangabanganywe mu majwi.

Umumenyeshamakuru wa BBC wo muri ako karere avuga ko hari ibimenyetso ko muri ayo matora hashobora gusubira kwaduka amatati yo kwiyonkora hagutorera inyishu y'ico kibazo.