Melbourne: Umudereva w'imodoka yagonze abantu yahagaritswe

Police on Flinders Street after a car hit pedestrians, 21 December 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe gutabara banyarutse gushika ahabereye iryo sanganya

Igipolisi ca Australia cahagaritse abantu babiri inyuma y'aho imodoka barimwo yinjiriye mw'isinzi ry'abantu i Melbourne.

Iyo modoka "yagoze abantu benshi bariko baragenda n'amaguru" mw'ibarabara rya Flinders, ihuriro ry'amabarabara riba ririmwo abantu benshi hagati mu gisagara, nk'uko igipolisi ca Victoria kibimenyesha.

Abantu cumi na bane bakomeretse, benshi muri bo bakaba bababaye cane.

Igipolisi kivuga ko vyakozwe n'ibigirankana ariko ko hakiri kare kwemeza ko bifitaniye isano n'iterabwoba.

Imyuzure yateye ibisagara muri Australia

Umudereva w'iyo modoka hamwe n'uwundi mugabo umwe bahagaritswe.

"Icabiteye ntikiramenyekana," niko umukuru w'igipolisi Russell Barrett yavuze.

Icabona Jim Stoupas, adandariza mu micungararo y'aho, yabwiye BBC: " yiraye mu bantu barundanye bariko baragenda n'amaguru. Nta no kugerageza gufata ifure."

Yongeyeko ko: " Hasi hari harambaraye abantu bari hagati ya batanu n'umunani, bakikujwe n'abantu bariko barabafasha, inyuma y'umunota umwe, igipolisi cari gishitse, vyanyarutse cane."

Abajejwe gutaba i Victoria bavuze ko mw'itangazo ko umwana yiga mu mashure y'ibinyoni (maternel) ari mu bakomeretse cane mu mutwe bajanywe kwa muganga.

Ikindi cabona, Lachlan Read yabwiye ikinyamakuru ca Herald Sun ko ivyo vyamaze nk'amasegunda 15 gusa.

"Yaciye kubimenyetso vy'amatara yiruka cane hanyuma twumva pu, pu, pu. wumva ko agonga umwe inyuma y'uwundi," uko ni ko yavuze, igihe iyo modoka yatangura kugonga abantu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi caciye kizunguruka ako karere

Umushikiranganji wa mbere Malcolm Turnbull yavuze ku rubuga rwa Twitter ko amatohoza yamaze gutangura "ahoze yongera anasabira" abo vyashikiye.

Umukuru w'abatavuga rumwe na reta muri Australia, Bill Shorten nawe yagize ico avuga kuri ivyo vyashitse, aranakeza inzego zijejwe gutabara.

Mu kwezi kwa mbere, abantu batandatu barapfuye igihe umugabo umwe yirara mu bantu bagenda n'amaguru n'imodoka mw'ibarabara rya Bourke.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Mu kwezi kw'icenda, umuhungu w'imyaka 15 yambaye impuzu zo kugwana zirabura yaragaragaye ariko atwara imodoka yihuta mu micungararo y'ibarabara rya Swanston.

Igipolisi cateye ikigo kirimwo impunzi muri Papuasie Nlle Guinee

Inyuma yo guhangana n'igipolisi yarahagaritswe inyuma y'igituro ca Flinders.

Mu nyuma igipolisi cavuze ko ata co vyasana n'iterabwoba.