Australia: Imodoka yacishijwe mu bantu ikomeretsa 14

Igipolisi camaze gukikuza aho ubwo bub isha bwabereye iruhande y'igituro ca Flinders Street station Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi camaze gukikuza aho ubwo bub isha bwabereye iruhande y'igituro ca Flinders Street station

Imodoka yacishijwe mu bantu mu gisagara ca Melbourne mu gihugu ca Australia yakomerekeje niburiburi abantu 14.

Ku masanamu yaho vyabereye iruhande y'igituro c'itereni, ubona abantu benshi baryamye hasi iruhande y'iyo modoka nini yera.

Bamwe mu bakomeretse barimwo umwana muto, bamerewe nabi.

Igipolisi cemeza ko vyakozwe ku bushake, ko kiriko kiratohoza imvo vyavuyeko.

Umushoferi w'iyo modoka hamwe n'uwundi mugabo bafashwe.

Umugabo yacishije iyo modoka mu bantu ngwarafata ibiyovyabwenge kandi ngwafise ingorane zo mu mutwe ariko ngo ntazwi mu gisata c'iterabwoba, niko igipolisi cavuze.

Uwo mugabo w'imyaka 32 aturuka mu gihugu ca Afuganistani yaciye atabwa mu mvuto ariko abanje kugwana.