Philippines: Iferi itwaye abantu 251 yatwawe

Abacungera inkengera mu bikogwa vy'ubutabazi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abacungera inkengera mu bikogwa vy'ubutabazi

Ubwato butwaye abantu 251 bwibiye ku nkengera yo mu buseruko bw'igihugu ca Philippines, niko uwujejwe kugenzura ako gace yavuze.

Umuvugizi wiwe yavuze ko hari abantu bivugwa ko bapfuye, inyuma yaho ubwato bwibiriye kubera imikuba ikomeye.

Amakuru avuga ko amato yo muri ako karere yatabaye abantu bari muri ubwo bwato hafi y'izinga rya Polillo.

Amato y'abatabazi hamwe na kajugujugu zarungitswe muri ako karere vyibasiwe n'ikirere kibi, niko ubutegetsi bwavuze.

Niburiburi ibiziga bine vyatowe, mu gihe hari abantu benshi barokowe, nkuko itangazamakuru ryaho ryavuze.

Umuvugizi w'uwugenzura inkengera, Armand Balilo yavuze ko bakiriko baraharura abahagiriye ivyago.

"Twemeza ko ahanini ikirere arico cateye" iryo sanganya, yongera avuga kw'iyo feri ifise ububasha bwo gutwra abantu 280 ko itapakiwe kurenza urugero.

Umukozi wo mu kigo co gutabara, Juanito Diaz, yavuze ko hari amakuru avuga ko iyo feri, itavuzwe izina, "yarifise umwenge, ko ari naco coba catumye yibira".

Amasanganya y'amato aragwiriye mu gihugu ca Philippines, hakunze kugwa imvura y'isegenya.