Igisirikare ca Uganda cateye ikambi z'inyeshamba muri RD Congo.

Ikarata ya Uganda
Image caption Ikarata ya Uganda

Igisirikare ca Uganda cateye ikambi z'inyeshamba mu karere ko mu buseruko bwa Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Umuvugizi w'igisirikare, Richard Karemire, yavuze ko ico gitero cakurikiranye n'amakuru y'iperereza cahererekanye na RD Congo.

Yabwiye ikinyamakuru co mu gihugu ko inteko za Uganda zitinjiye muri RD Congo, ariko ko zakoresheje indege n'inkoho zirasa kure.

Nta makuru arambuye araboneka ku bijanye n'aboba baguye muri iyo ntambara.

Ico gitero kibaye inyuma y'amanama yakozwe indwi nyinshi hagati ya RD Congo na Uganda, aho ivyo bihugu vyumvikanye gukorana mu gutuza abagwanyi ba ADF.

Inyeshamba z'umugwi "Allied Democratic Forces" (ADF) ufise amamuko mu Buganda, niwo wegekwako igitero cahitanye abakozi 14 ba Onu bafashe gucungera amahoro n'umutekano mu gihugu ca RD Congo.