'Bategetswe gufata ku nguvu abo mu miryango' muri Sudani Yepfo

Abantu bashika 1000 bihaye amabarabara mu gisagara ca Juba basaba kw'ingwano yohagarara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu bashika 1000 bihaye amabarabara mu gisagara ca Juba basaba kw'ingwano yohagarara

Abahinga ba Onu mu vy'agateka ka zina muntu bavuze ko babuze ayo bacira n'ayo bamira ku mabi akogwa n'impande zose mu ngwano iri muri Sudani Yepfo.

Inyuma y'ugutemberera ico gihugu ku kiringo c'iminsi 12, bavuze k'ubukene hamwe n'amabi ashingiye ku gitsina basanzeyo bigoye kuvuga.

Abagabo bakiri bato barafashwe ku nguvu, ahandi nabo basabwa gusambanya ku nguvu bamwe mubo mu miryango yabo, abasigaye barorera.

Abasirikare benshi barafashe ku nguvu umugore w'imyaka 60, bamurekura bazi ko yapfuye.

Abanyagihugu barashonje gushika aho barya amababi y'ibiti, kubera ko ata bifungugwa bafise.

Abo bahinga babwiwe ko abantu bose batunze inkoho muri Sudani Yepfo, bigatuma igitigiri c'abapfa ciyongera, ivyo basigura nk'ubwicanyi bukogwa mu gacerere.

Ubwo bwicanyi bwadutse inyuma y'umunsi umwe impande zose zishize umukono ku masezerano yo guhagarika ingwano.

Amasezerano yose yapfunditswe yo kurangiza ingwano imaze imyaka ine ntiyubahirizwa.