Abarenga mirongo ibiri bahitanywe n'igihuhusi muri Philippine

Storm Tembin hits Davao, Mindanao Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abajejwe igikorwa co gutabara bariko bararokora abantu i Davao, Mindanao

Bivugwa ko abantu boba bashika 90 boba bahitanywe n'igihuhusi catemye kiratongora ubumanuko bwa Philippines, abandi benshi bakaba baburiwe irengero.

Igihuhusi Tembin cateye umwuzure, gisenyura n'imisozi mu karere k'izinga rya Mindanao.

Ibisagara bibiri vyononekaye cane ni Tubod na Piagapo, aho inzu nyinshi zaguweko n'imisozi.

Iguhuhusi Tembin gifise ubunyarutsi bwa kilometero 80 kw'isaha, ubu carenganye Mindano kigana ubumanyko bwa Palawan imbere y'uko kija mu burengero.

Igihugu ca Philippines cama catewe n'ibihuhusi bihitana abantu benshi n'aho Mindanao idakunze gushikirwa.

Umukuru w'igipolisi i Tubod, Gerry Parami yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ko hamaze kumenyekana abantu 19 bapfuye.

"Uruzi rwuzuye hanyuma amazu nka yose ararengerwa. Ikigwati gisa n'uko kitakibaho," ni ko yavuze.

Avuga ko abariko baritanga bariko barimba mu vyondo bagerageza gukurayo ibiziga mu kigwati ca Dalama.

Image caption Ikarata yerekana aho igihuhusi Temin coba cari kigeze isaha 01:00 GMT ku wa gatandatu kigana uburengero.

Uwundi mutegetsi yabwiye AFP ko abantu cumi bapfuye mu gisagara ca Piagapo, ku birometero cumi mu buseruko bwa Tubod.

"Twarungitse abakozi bajejwe gutabara ariko nta co barashikako kubera ibibuye," ni ko Saripada Pacasum yavuze.

Abandi bantu benshi boba bapfuye mu bisagara vya Sibuco na Salug.

Ibura ry'umuyagankuba hamwe n'uburyo bwo gutumatumanako bituma ibikorwa vyo gutabara bigorana.