Uwateguye igitero co ku Noheli i San Francisco yafashwe

Uwo muntu w'umunyamerika ntiyigeze amenya ko ariko aravugana n'abajejwe iperereza rya Amerika FBI Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwo muntu w'umunyamerika ntiyigeze amenya ko ariko aravugana n'abajejwe iperereza rya Amerika FBI

Abajejwe iperereza muri Amerika bafashe umuntu yagirizwa gutegura umugambi wo kugira igitero ku musi mukuru wa Noheli mu nyubakwa zikunzwe kugenderwa n'ingenzi mu gisagara ca San Francisco.

Everitt Aaron Jameson w'imyaka 39 yahoze ari umusirikare agwanira mu mazi muri Amerika, yagirizwa gushaka gufasha umuhari ho hanze wagirizwa iterabwoba.

Jameson yabwiye iryo banda umukozi w'iperereza wa Amerika, FBI, yibaza ko ari umwe mu bategetsi bakuru ba Islamic State.

Umukozi w'iperereza avuga ko yamubwiye ko Noheli ari wo musi mwiza wo kugira igitero kandi ko bidakenewe ko umuntu agira umugambi wo gutoroka kuko yiteguye gupfa.