Sudani y'epfo: Amasezerano yo guhagarika intambara yagiye mu bikorwa

Ayandi masezerano yagiye arashirwako umukono hagati ya prezida Salva Kiir n'uwo batavuga rumwe Riek Machar nta co yavuyemwo. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ayandi masezerano yagiye arashirwako umukono hagati ya prezida Salva Kiir n'uwo batavuga rumwe Riek Machar nta co yavuyemwo.

Impande zihanganye muri Sudani y'epfo zashize mu bikorwa amasezerano yo guhagarika intambara isaha zitandatu z'ijoro kw'isaha yo muri ico gihugu.

Ni akandi karyo kabonetse ko kurangiza iyo ntambara imaze imyaka ine ibica bigacika muri ico gihugu.

Onu ivuga ko ari akaryo ka nyuma ko kugarukana amahoro muri Sudani y'epfo.

Salva Kiir yiyemeje guhagarika imirwano

Imigwi ishamiranye yagirizwa ivyaha vyo mu ngwano muri Sudani Yepfo

Ayandi masezerano yagiye arashirwako umukono hagati ya prezida Salva Kiir n'uwo batavuga rumwe Riek Machar nta co yavuyemwo.

Abantu barenga umuliyoni bo muri Sudani y'epfo barahungiye mu bihugu bibanyi, kandi abatanga imfashanyo baragabisha ko imfungurwa zigiye kugabanuka.