Uwakuye prezida Mugabe yagenywe mu butegetsi bwa Zanu-PF

Constantino Chiwenga, aheruka gutanga imihoho mu mabanga yo kuba umukuru wa gisirikare, bituma binuganugwa ko azohabwa ikibanza gikomeye muri politike
Image caption Constantino Chiwenga, aheruka gutanga imihoho mu mabanga yo kuba umukuru wa gisirikare, bituma binuganugwa ko azohabwa ikibanza gikomeye muri politike

Umujenerali wo muri Zimbabwe yari arongoye abasirikare bakuye prezida Mugabe ku butegetsi, yagenywe kuba icegera c'umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi wa ZANU-PF.

Yagenywe muri ayo mabanga na prezida mushasha wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa.

Constantino Chiwenga, aheruka gutanga imihoho mu mabanga yo kuba umukuru wa gisirikare, bituma binuganugwa ko azohabwa ikibanza gikomeye muri politike

Iryo genwa ribonwank'uko ari inzira yo kumushinga amabanga y'icegera c'umukuru w'igihugu.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Imvo n'imvano kuri Zimbabwe

Ikindi cegera ca Zanu PF ni Kembo Mohadi yahora ari umushikiranganji w'umutekano ku ntwaro ya Robert Mugabe.

Ingingo yo gufata ubutegetsi yo ku wa 15 ukwezi kwa cumi na rimwe yamaze imisi itari mike, inyuma y'aho Mnangagwa yirukaniwe mu mabanga y'icegera c'umukuru w'igihugu aca aranahunga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Bigaragara ko ingingo yo kumukura kwari gushaka kumwigizayo kugira prezida Mugabe ategure umugore wiwe kumusubirira.

Ariko Mnangagwa yari afise ubucuti bukomeye n'igisirikare bituma kivyivangamwo, aza kugenwa mu mabanga yo kurongora igihugu itariki 24 z'ukwezi kwa cumi na rimwe.

Co kimwe na Mnangagwa, Chiwenga yarakoranye na Mugabe mu kwaka amatongo abazungu hamwe no gutoteza abatavuga rumwe n'ubutegetsi inyuma y'amatora yo mu 2008.

Mnangangwa yatorewe kuyobora ZANU-PF muri Zimbabwe

Ariko avuga ko yiteguye gusubiza itoto ubutunzi bwa Zimbabwe avuga ko bugeze ahamanuka ku buryo bishobora guteza umutekano muke.

Mnangagwa aramaze kugena mu mabanga y'ubushikirangani abasirikare babiri.