Trump yagiriza Ubushinwa guha ibitoro Korea ya Ruguru

Korea ya Ruguru irakeneye cane ibitoro ariko ibihano biyiriko, birayibangamiye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Korea ya Ruguru irakeneye cane ibitoro ariko ibihano biyiriko, birayibangamiye

Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US) yavuze ko "avunywe inkokora" n'Ubushinwa inyuma y'amakuru avuga ko bwahaye ibitoro igihugu ca Korea ya Ruguru.

Mu butumwa yacishije kuri Twitter, Bwana Trump yavuze ko Ubushinwa "bwafashwe ku mugaragaro".

Ubushinwa burahakana ko ata bihano vya Onu ku vy'ibitoro bwarenze, hagati y'Ubushinwa na Korea ya Ruguru.

Mu ndwi iheze, Beijing yarashigikiye ingingo ya Onu itegekanya ibihano vyo kugabanya ku bice 90%, iyinjizwa ry'ibitoro muri Korea ya Ruguru.

Ivyo bihano bishasha bikomeye bifise intego yo guhagarika ibikogwa vya Pyongyang vyo kugerageza "missiles" zishika kure.

Ivyo Trump yashikirije ku bushinwa bishitse inyuma yaho ikinyamakuru ca Korea Yepfo, Chosun Ilbo, gisohoreye amakuru avuga kw'amato y'Ubushinwa atwara ibitoro yahaye ibitoro mu kinyegero amato ya Korea ya Ruguru.

Ubutegetsi bwa Amerika ntibwemeje ayo makuru, ariko umutegetsi w'igisata ca leta yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters, ko ubwo buryo bwo guhererekana ibitoro bwoba nubu bukibandanya.

"Ikibazo c'amato ahererekana ibitoro kirateye amakenga mu gihe ari imwe mu nzira Korea ya Ruguru ikoresha mu guca iruhande ibihano," niko uwo mutegetsi yavuze.

Ubushinwa, igihugu ca mbere gikorana ubudandaji na Korea ya Ruguru, bwamye buvuga ko bwubahiriza ibihano vyose Onu yashize kuri Pyongyang.

Ukwo guhererekana ibitoro hagati y'amato, ngo kwafotowe incuro 30 n'ibigendajuru vya Amerika bijejwe iperereza kuva mu kwezi kw'icumi, nkuko bivugwa na bamwe mu bategetsi ba Korea Yepfo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Korea ya Ruguru yaranse gutegwa ubwoba n'amakungu

Korea ya Ruguru iri mu bihano vyafashwe na Amerika, Onu n'ibihugu vya Buraya (UE).

Ibihano vya nyuma vyafashwe igihe Pyongyang itereye "missile" igera kure, Amerika yavuze ko ari iya mbere igeze kure cane mu kirere.