Uganda yapfunze abanya Rwanda 45 kubera iterabwoba

Prezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986

Ubutegetsi bw'igihugu ca Uganda bwataye mu mvuto abanya Rwanda 45 bagirizwa iterabwoba, inyuma yaho bafatiwe ku mupaka wa Tanzaniya mu ntango za kuno kwezi.

Bongeye bagirizwa kuba bafise ivyangombwa n'indangamuntu vya magendo.

Abo banya Rwanda bavuga ko bari bagiye mu gihugu ca Tanzaniya nk'abavuga butumwa.

Ubutegetsi bw'igihugu c'u Rwanda bwo buvuga ko bakukira umugambwe ugwanya ubutegetsi ukorera mu buhungiro, "Rwandan National Congress", uzwi nk'umugwi w'iterabwoba.

Imigenderanire y'igihugu ca Uganda hamwe n'ic'u Rwanda ntiyifashe neza muri kino gihe, u Rwanda rukagiriza Uganda gucumbikira abarugwanya.