Korea Yepfo yafashe ubwato bwahaye ibitoro iya Ruguru

Bivugwa ko ubwato"Lighthouse Winmore" bwari butwaye ibitoro muri Taiwan ariko ntibwajayo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bivugwa ko ubwato"Lighthouse Winmore" bwari butwaye ibitoro muri Taiwan ariko ntibwajayo

Korea Yepfo yamenyesheje ko yafashe mu kwezi guheze ubwato bufise amamuko yo muri Hong Kong, bukekwa ko buha ibitoro Korea ya Ruguru hirengagijwe ibihano mpuzamakungu ico gihugu cafatiwe.

Ubutegetsi buvuga ko ubwato "Lighthouse Winmore" bwahaye mu kinyegero ubwato bwa Korea ya Ruguru amatoni 600 y'ibitoro biyunguruye.

Ingingo y'akanama kajejwe umutekano ka Onu irihanikiza ihererekana ry'ibidandazwa bigenewe Pyongyang ubwato ku bundi.

Ayo makuru yahishuwe mu gihe Ubushinwa buhakana ibivugwa na Prezida Donald Trump, ko bwatanze uruhusha rwo kujana ibitoro muri Korea ya Ruguru.