Syria: Abantu 66 baguye mu ngwano

Prezida Assad arondera kurangiza ingwano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Assad arondera kurangiza ingwano muri Syria

Ingwano iri mu buraruko bushira uburengero bwa Syria hagati y'inyeshamba hamwe n'abasirikare ba leta bafashijwe n'indege z'ingwano z'Uburusiya, yahitanye abantu 66 mu masaha 24 arangiye.

Ikigo gikorera mu Bwongereza ku vy'agateka ka zina muntu "Syrian Observatory for Human Rights" kivuga ko abapfuye barimwo abasivile 19, bahitanywe n'igitero c'indege mu karere kari hagati ya Idlib na Hama.

Kivuga ko indwi mu baguye muri iyo ntambara ari abana.

Iyo ngwano nshasha ibura ibitero bikomeye bigiye kugabwa kuri Idlib, intara ya Syria ikiri mu minwe y'inyeshamba.